IMYIDAGADURO : HARI UMUSHOFERI YASHATSE KWICA MUGENZI WE AMUHORA KO AMUTWARA IGITORO.

IMYIDAGADURO : HARI UMUSHOFERI YASHATSE KWICA MUGENZI WE AMUHORA KO AMUTWARA IGITORO. - image | daflx blog

Published 10-11-2023 11:11:22 in

Umushoferi akorera mu ruganda rw'Abashinwa atwara imashini ikora ibarabara aragirizwa kugerageza kwica mugenzi we amugongeye mu modoka. 

Amakuru avuga ko umushoferi yitwa Tuyizere Vianney w’imyaka 34 atwara imashini, yafashwe na mugenzi we Kayiranga Emmanuel w’imyaka 34 arimwo kwiba amazutu.

Uwo Tuyizere Vianney atwara imashini ya Sosiyete y’Abashinwa, ikora amabarabara yagonze ku bushake Kayiranga Emmanuel atwara imodoka ya pick up nayo y’Abashinwa.
Vianney yasanze Emmanuel aho yari aparitse imodoka ya pick up amugonga mu rubavu rw’iburyo akoresheje imashini atwara agamije ku mwica.


Abegereye aho bavuga ko Vianney yabikoze abishaka kuko yakomeje gusanga Emmanuel aho imodoka yiwe ya pick up yariri, vyabaye kera   Vianney ava mu mashini afata amabuye akubita ikiyo c’imbere, kugira ngo Emmanuel ave mu modoka.

Abajejwe umutekano bakaba bariko bakora amatohoza kuri kino caha.


Share on your social networks