MU KIBANO : BABIRI BITAVYE IMANA INYUMA YO KUNYWA UMUTI UTUMA BAHEBA INZOGA.

MU KIBANO : BABIRI BITAVYE IMANA INYUMA YO KUNYWA UMUTI UTUMA BAHEBA INZOGA. - image | daflx blog

Published 12-07-2024 11:07:47 in

Umusore ibiri isanzwe ivukana bahitanywe n'imiti babwiye ko ariyo ituma baheba inzira. Abo abasore baturuka mu ntara ya Kitavi isanzwe iri mu gihugu kubandi ca Tanzania.

 Bitavye Imana inyuma yaho bahawe umuti utuma bareka kunywa inzoga zari zarabigaruriye.
Amakuru yatanzwe numwe mu bo mu muryango yavuze ko inyuma yo kubona abo basore barihebeye  inzoga, Umuryango warakoranye ufata icemezo co kurondera umuti wotuma bareka kunywa inzoga.

Yagize Ati" Umuryango waricaye inyuma yo kubona ko bagiye kuzicwa n'inzoga, maze turondera  umuvuzi waho hambere ngo aze abahe umuti wotuma bareka kunywa inzoga, umuvuzi wambere twazanye ntacavuyemwo bituma dushaka uwakabiri ".

Uwatanze amakuru yakomeje avuga ko, inyuma yaho haje umuvuzi wa kabiri, yabasavye kuzana inzoga basanzwe bihereza maze azivanga n'umuti kugira ngo bahebe izo nzoga burundu, inyuma yo kunywa uwo muti uvanze nizo nzoga. Abo basore batanguye kuruka ariko uwo muganga ababwira ko biri buze guhagarara vyarangiye abo basore bitavye Imana.

Uwo muganga amaze kubona ko abo basore bamaze kwitaba Imana, yahise abaca murihumye aratoroka abaciye mu mwanya y'intoki. 

Wokora iki kugira uhebe canke ugabanye kunywa inzoga ? Sangiza abandi iyi nkuru bitume bamenya ko inzoga atarizo guhebera ku bavuzi kama.

Share on your social networks