UMUZIKI : JUNO KIZIGENZA YAKORANYE INDIRIMBO NA BUTERA KNOWLESS IHERA BATARABONANA.

UMUZIKI : JUNO KIZIGENZA YAKORANYE INDIRIMBO NA BUTERA KNOWLESS IHERA BATARABONANA. - image | daflx blog

Published 17-06-2023 09:06:32 in

Umuririmvyi KWIZERA Jean Bosco yamenyekanye cane kw'izina rya Juno Kizigenza  asanzwe ari mubagezweho mu karere ka afurika y'ubuseruko.

Juno Kizigeza yashize hanze  kur'uyu wa Kane itariki 15.6.2023 urukurikirane rw'indirimbo 17, aho mu baririmvyi yifashishije harimwo umuririmvyikazi Butera Knowless.

Urwo rukirinane rw'indirimbo yashize ahabona. Rubaye urwa mbere, inyuma y'imyaka utatu irenga ko ukwezi atanguye urugendo ry'umuziki.

Aho Juno Kizigenza yariko arategura urwo rukirinane rw'indirimbo ziwe, yaripfuje ko yokorana indirimbo na Butera Knowless. Aramumenyesha uwo mugambi ariko aza gusubizwa na Ishimwe Clément asanzwe ari n'umugabo wiwe.

Yagize Ati “ Nifuje gukorana indirimbo na Knowless ndamwandikira nandikira na Clement aba ari we ansubiza bwa mbere turabipanga.”

Umunsi wo gukora indirimbo warageze Kizigenza aja muri Kina Music yizeye ko agiye guhura n’umuririmvyikazi yakunze kuva kera, ariko agezeyo ntiyahamusanga.


Juno Kizigenza  yaratangaye atahamubonye kandi yarazi ko ahamusanga we n'umugabo. 
Yagize Ati “ Umunsi twapanze ntabwo Knowless yabonetse nkora igitero canje n’icitabirizo, ndataha. Uwundi munsi Knowless yabonetse nanje sinabonetse na we ashiramo igitero ciwe."

 Ni ukuvuga ngo iyi ndirimbo yarinze ibera atarabona Butera Knowless amaso ku mu maso mu buzima.


Ku ncuro ya mbere Juno Kizigenza abona butera Knowless amaso ku maso bari bagiye kumva indirimbo bakoranye. Kizigenza yatangaye n’uburyo yasanze ari umuntu yicisha bugufi.

Yagize Ati “ Nari mfise amatsiko yo kuzobona Knowless. Nagiye kubaraba nibaza nti noneho turaganira iki? Noneho duhuye nsanga ni umuntu wirekura cane.”

Ivyo Juno Kizigenza yabitangaje mu kiganiro yagiranye na IGIHE, mu ntumbero yo kumenyekanisha iyi album yiwe ya mbere akoze kuva atanguye urugendo ry'umuziki. haraheze imyaka itatu.

Share on your social networks