IMYIDAGADURO : AGAKURU KEZA TITI BROWN YARI AMAZE IMYAKA 2 APFUNZWE YAMBITSWE IZERA..

IMYIDAGADURO : AGAKURU KEZA TITI BROWN YARI AMAZE IMYAKA 2 APFUNZWE YAMBITSWE IZERA.. - image | daflx blog

Published 11-11-2023 07:11:55 in

Imyaka yarigiye kuba ibiri umutamvyi Titi Brown akurikiranywe icaha co gusambanya umwana muto. Uwo mwana aca atwara atipfuje. Titi Brown yambitswe izera na sentare nkuru yi Nyarugenge, sentare ica itangaza ko yorekurwa uwo munsi nyene.

Ifatwa rya Titi Brown.

Muri 2021, Titi Brown yarafashwe akurikiranywe icaha co gusambanya umwana w'imyaka 17. Muri munyonyo uwo mwaka nyene Titi Brown yasabiwe n'umushigwamanza gupfurwa iminsi 30 y'agateganyo.
Aho umushingwamanza yarabonye ko hariho ibimenyetso bifadika.

Kuva ico gihe, Titi Brown yatanguye kuza araburana apfunzwe. Kugeza ejo bundi kuwa 10.11.2023 aho yambikwa izera na sentare nkuru yi Nyarugenge.




Titi Brown yasohotse asa n'uwufise ihungabana mu mutwe.


Kur'uyu wa 10.11.2023, Titi Brown yagizwe umwera na sentare nkuru yi Nyarugenge, yari akurikiranywe icaha co gusambanya umwana muto.
Titi Brown yasabiwe gupfungurwa, akimarama gusohoka Titi Brown yasa n'uwufisee akabonge. Yakiriwe n'abamenyeshamukuru batandakanye. Yabamenyesheje ko akeneye ubufasha kuko kumara imyaka ibiri ari mu munyonyo w'ububeshi vyamuteye ihungabana.
  
Titi Brown asohotse ibohero ry'imageragere. 




Yagize Ati “Ntababeshe, sinobahisha ko ntafise ihungabana kuko imyaka ibiri ni myinshi, ndabakeneye mumbe hafi, munganirize mbega nkeneye abantu mu buryo bwose.”

Yarangije ashimira ubutungane bw' u Rwanda bwamurenganuye, ndetse n'urwego rw'igihugu rushinzwe abafurwa rwamwitayeho mu gihe yari amazeyo.

Titi Brown yari umutamvyi yabigize umwuga yari amaze gufata imitima ya benshi biciye mu gutamba. Sivyo gusa kari n'akazi kiwe ka minsi yose zimwe mu ndirimbo zari zigezweho imbere yuko aja i Mageragere niwe yatumirwa. Twovuga nk'indirimbo "kamwe,ubushuhe, amashu , fasta,.......

Share on your social networks