IMYIDAGADURO : D-ONE MUZI UBU VYARAMUGOYE KUGIRA ABE UWIRATIRO BOSE BATAMARIRA.

IMYIDAGADURO : D-ONE MUZI UBU VYARAMUGOYE KUGIRA ABE UWIRATIRO BOSE BATAMARIRA. - image | daflx blog

Published 20-10-2023 04:10:13 in

Umuririmvyi D-ONE yamenyesheje ibintu vyamugoye kuva agitangura umuziki, anashimira abamubaye hafi mu rugendo rwiwe rw'umuziki.

NDAYIKENGURUKIYE Dieudonné azwi cane kw'izina rya D-ONE, n'umwe mu ruganywe rushasha ruriko rukora neza. Aho afise indirimbo zikunzwe cane n'urwaruka. Mu kiganiro yakoranye n'ikinyamakuru 'InyaRwanda', D-ONE yagarutse ku vyamugoye mur'iyu muzika harimwo kuvukira mu muryango utishoboye.

Ikindi camugoye cane kikanamubabaza kwari ugucibwa intege n’abo mushigikiye, impano yiwe ikagera kure. Yamenyesheje ko kuva agitangura gushira indirimbo yambere hanze, benshi babonye ko ar'uwo gushigikira.



Amashure y'intango yayize mu ntara ya Kayanza muri komine ya Kabarore. Amaze kugera mu mashure y'isumbuye, D-ONE yabandanyirije amashure yiwe mu gisagara ca Bujumbura [lycée Gisenyi]. 

Ageze kur'iryo shure, niho yaza kumenya inzu ikora umuziki 'Agape Record' iri mu minywe akaza arajayo mu gihe asivye kw'ishure [yaba acimvye]. Ariko abo babana mu buraro ntibatahura neza ivy'umuziki bakamufata nk'umunywarumogi. Ariko we akaba yifitiye icizere ko ejo ari heza.
Agiheza amashure yiwe yabandanije yiga umuziki, mu nyuma araronka amasezerano na 'ITEKA MEDIA'.
 
 Kugira ngo abe D-One abantu babona bagatangarira uyu munsi, hari intambara nyinshi yahuye nazo, kubw'amahigwe zimwe akaba amaze kuzinesha.

 
Inyuma y'izo ntambara zose, ubu D-ONE ari mu rwaruka rufise vyinshi rwisangije mu muzika mu BURUNDI no mu karere k'afurika y'uburiro.
Indirimbo ziwe zirirwa ziraca ku mboneshakure zikomeye. 




Share on your social networks