IMYIDAGADURO : JP BIMENI YAKOZE IGITERAMO CA MBERE MU RWANDA ATANGANZWA N'URUKUNDO BAMWERETSE.

IMYIDAGADURO : JP BIMENI YAKOZE IGITERAMO CA MBERE MU RWANDA ATANGANZWA N'URUKUNDO BAMWERETSE. - image | daflx blog

Published 13-11-2023 01:11:25 in

 Jean Patrick Bimenyimana yamenyekanye cane kw'izina rya JP BIMENI alias Mudibu mu myaka ya 2006-7, yakoze igiteramo ca mbere mu Rwanda arikumwe n'abamufasha gucuratanga 'Kitenge band' yatangajwe n'urukundo yeretswe n'abitabiriye ivyo birori.

JP BIMENI umukabwe mu muziki wa ‘Classic soul’ yavuze ko yatangajwe n’uburyo yakiriwe i Kigali kuko vyarenze uko yibaza.
Mu gitaramo yakoze kuwa 11.11.2023 i Nyarutarama arikumwe n'umugwi 'Kitenge band' na Kiki Touré yamufashije kuririmba zimwe mu ndirimbo zakunzwe harimwo “Wagiye he”na “Yarantumye” zadyoheye benshi bari murico kibanza.


Mu kiganiro JP Bimeni yakoranye n'ikinyamakuru IGIHE yavuze ko yishimiye guteramira mu Rwanda igihugu afisemo incuti nyinshi, anavuga ko naho asanzwe aba mu bwongereza asanzwe abana n'abanyarwanda benshi.

Yagize Ati “Iyo ndi mu Rwanda mba numva ko ndi i muhira hano ni mu rugo abantu benshi twakuranye ni Abanyarwanda yewe n’i Londres aho mba abo tuba turi kumwe cane ni Abanyarwanda.”


Bwari ubwambere ateramiye mu gihugu kibanyi c'Urwanda, ariko yatangajwe n'urukundo yeretswe n'abanyarwanda benshi bari bitabiriye igiteramo ciwe.
Yagize Ati “Iki gitaramo ni ica mbere, nanyuzwe n’ urukundo nahasanze, ukuntu nakiriwe hari abantu baryohewe bashaka ko tugumana, ni ibintu bishimisha umutima wanje kandi rwose tuzogaruka.”

JP BIMENI yaryoheye benshi biciye mu muziki wa live yahereje abari ngaho, indirimbo nka "Agahengwe", "Nzosubira Iwacu”, “Yarantumye”, “Garukiraho”, n’izindi zatumye bamwe batemera ko ava ku butambiro. Kubw'umunezero mwinshi yahisemwo kuririmba izindi ndirimbo zitanu.

Share on your social networks