INTAMBARA : UKO BIMEZE KU MUNSI WA 40 W'INTAMBARA HAGATI YA ISRAËL NA GAZA

INTAMBARA : UKO BIMEZE KU MUNSI WA 40 W'INTAMBARA HAGATI YA ISRAËL NA GAZA - image | daflx blog

Published 16-11-2023 05:11:38 in

Umunsi wa 40 w’intambara yo muri Gaza ivyo bamwe mu bategetsi bashikiriza.


Mu gihe intambara muri Gaza igeze ku munsi wa 40. Israel ikomeje kurasa ahantu hose hakoreshwa n’akagwi  ka Hamas, ndetse ubu inkuru ivugwa cane n'ibitaro binini biriko biraterwa muri Gaza.
Ivyo bitaro birimwo abacivile barenga 2000 bagiye gusaba ubuhungiro .

Yaron Finkelman, umukuru w'ingabo za Israël yamenyesheje ko bateye ibitero ku bitaro vya Shifa kandi ko bagomba kubandanya Yagize Ati “Tuzobandanya tuja imbere”.

''Fise icizere gike ko Hamas ishobora kumvikana na Israël ikarekura imbohe.''

Ayo n'amajambo yavuzwe na perezida Joe Biden

Inama nshingamateka muri Gaza yasenyuwe.

Amashusho yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi agaragaza uburyo Ingabo za Israel zarashe inyubako ikoreramwo inama nshingamateka muri Gaza.

Kurasa iyo nyubako, vyakozwe na kambi ya ndwi,  ikoresha imodoka z’intambara hamwe n’ingabo zo mu kambi yitwa Golani igaba ibitero kw'isi.

Gusambura iyo nzu vyakozwe inyuma y’aho ingabo za Israel zafashe ifoto ziri muri iyo nyubako imbere.

Ingabo za Israel zabanje kwifotoreza mu nzu ikoreramwo inama nshingamateka. Baca barayisambura.


Abasirikare 50 ba Israel bamaze kugwa ku rugamba muri Gaza.


Ingabo za Israel zamenyesheje amazina y’abasirikare babiri baguye mu gwano ibahuza n'umugwi wa Hamas mu buseruko bwa Gaza. Abo basosa bosei bari bafise imyaka 22.

Abo basirikare babiri bakomerekeye bikomeye mu ngwano ku wa Gatatu biza kurangira bapfuye. Ivyo vyatumye abasirikare b’iki gihugu bamaze kugwa muri ibi bitero bakwira igitigiri 50.

Qatar yipfuza kubahuza.


Qatar yipfuza guhuza ivyo bihugu vyose. Hamwe ibiganiro vyoba ni miburiburi Hamas yorekura abenegihugu bagera kuri 50 bafashwe muri Israël. Ivyo bibaye Israël nayo yoca irekura abana n'abagore yafashe nk'imbohe.



Hamas yemeye ingingo z'abahuza, ivyo bikorwa bizohagararirwa na leta zunze ubumwe z'amerika.

Abana benshi kw'isonga ry’abamaze gupfira muri Gaza

Kuva hatangura intambara, abantu 11.240 bo muri Gaza bamaze gupfa. Abo harimwo abana 4.630 mu gihe abagore ari 3.130.

Abakomeretse bo ni 27.490 barimwo abana 8.663.

Mu gace ka West Bank, abamaze gupfa ni 183 harimwo abana 44 n’umugore umwe. Abakomeretse ni 2.400.

Muri Israel, abamaze kwicwa ni 1.200 mu gihe abakomeretse ari 5.600.


Share on your social networks