TUMENYANE : AVUGA NEZA INDIMI 7, MENYA PIYEME NO17 UW'ARIWE?

TUMENYANE :  AVUGA NEZA INDIMI 7, MENYA PIYEME NO17 UW'ARIWE? - image | daflx blog

Published 17-07-2024 05:07:28 in

Ku mazina yahawe n'abavyeyi ni  NIYONKURU PASCAL benshi bakaba bamuzi ku kazina k'ubuhizi ka PIYEME NO17.   Yavukiye muri komine Itaba iri ntara ya Gitega, kubera uburibwe yagize bwo kubura abavyeyi biwe, Piyeme akaba yakuriye muri komine Kigamba isanzwe iri mu ntara ya Cankuzo. ( Kubera indinganizo shasha  y'intara izoja ku mugaragara mu mwaka w'2025, twabaye turitiza uko Intara n'amakomine vyari bisanzwe bitunganijwe.) Aho niho urugendo rwiwe ry'amashure yarutanguriye.

Amashure matomato yayatanguriye  i Gitibu, ayabandaniriza i Nyakibanda muri komine Kigamba. Iminsi yose avuye kw'ishure Piyeme yaja kuragira inka, aho niho yaca yandika ivyese bigiye batandukanye ndetse agzsubiramwo uturirimbo dutandukanye. 
Amashure y'isumbuye yayize kw'ishure Lycée Murore mu gisata c'indimi. 

Avuye aho, yaciye abandanyiriza yiwe muri kaminuza y'uburundi mu gisata c'inyigisho z'indimi (institut de pédagogie appliquée IPA5).

Kubera urukundo yakunda indimi, ntiyagarukirije aho inyigisho za kaminuza. Yarize ururimi rw'igishinwa aho nyene muri kaminuza y'uburundi. Kubera ubwitange yari afise, yahavuye aronka akaryo ko kubandanyiriza amashure yiwe muri kaminuza y' i Bohai mu gihugu c'ubushinwa (université de Bohai en chine).

Agiheza amashure yaragarutse mu Burundi, ubu akaba asanzwe akora akazi ko gusubiramwo indimi (interprète) muma shirahamwe y'abashinwa asanzwe akorera mu muryango wa Afurika y'ubuseruko.

Uyu munsi Piyeme asanzwe avuga indimi 7 harimwo : ikirundi, swahili, français, anglais, lingala, Marandin, hamwe n'igishinwa. Izo ndimi zose akaba azikesha ingendo yakoze muri Afurika y'ubuseruko hamwe n'igihugu c'ubushinwa.

Ahavuye izina ryiwe ry'ubuhizi?


Mu gufatanya amazina y'abavyeyi biwe(Pierre & Emmercienne) hamwe na mwenewabo yamureze(Emmanuel), Niho yakuye akazina Piemmae, izina rimuha umunezero kubera rivuga umuryango  wiwe wose. Kubera mu nyandiko Piyeme ariryo ribangutse, yahisemwo kugumiza iryo nyene.


Piyeme no17 yatanguye kuririmba kuva mu buto bwiwe, ashoreye inka kurisha. Mur'ico gihe niho yibonamwo impano yo kwandika ivyese ndetse no kuririmba. Mu amashure y'intango n'ayisumbuye yaratwaye ubushimwe butari buke. 

Kubwiwe, kuririmba n'akaryo keza ko gutanga ubutumwa bw'urukundo, amahoro, ukurekuriranirana, n'ubucuti bwiza ku Barundi bose. Piyeme no17 aririmba kugira ngo yigarurire imitima y'abumviriza indirimbo.

Nubwo akora akazi
 ko gusubiramwo indimi, piyeme arakunda cane umwuga wo kuririmba. Akaba amaze gushira ahabona indirimbo 7 harimwo "Ni wewe, Motivation, Bayobere, Narakunzwe, Relâche toi, hamwe na Igipimo imaze iminsi mike igiye hanze ndetse ikaba iriko irakirwa neza. Arubaha akanakunda umwuga wo kuririmba, akaba yizera ko azobeshwaho n'impano yiwe.

Mbega wari uzi izina Piyeme iyo ryavuye? 

Share on your social networks