TUMENYANE : DUSABWA KUMARA IMINOTA 67 TWIBUKA NELSON MANDELA YAMAZE AGWANIRA AGATEKA.

TUMENYANE : DUSABWA KUMARA IMINOTA 67 TWIBUKA NELSON MANDELA YAMAZE AGWANIRA AGATEKA. - image | daflx blog

Published 18-07-2024 08:07:18 in

Mu kwibuka uruhara Nelson Mandela yagize aho yarwaniye ukwidengevya. Hari muri munyonyo 2009, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryashinze umunsi w'amavuko wa Mandela 18.07 uzokwitwa "Mandela day".


Nelson Mandela yavutse itariki 18.07.1918 mu Gisagara ca Mvezo, yari INTWARI idasanzwe, indongozi y'umunyepolitike yakunda abantu.

Yabaye umwirabure wa mbere yatwaye igihugu ca Afurika y'epfo, yongera aba umwirabure wa mbere atowe biciye muri démocratie.  Yarongoye Afurika y'epfo  kuva mu mwaka w'1994 gushika mu mwaka w'1999 yarongoye i mandat imwe. Mandela yari yarongoye umugambwe ANC (African Nationa  Congress) kuva mu mwaka w'1991 gushika mu mwaka w'1997.

Intwaro ya Nelson Mandela yakoze ibishoboka vyose kugira ngo ifute amacakubiri y'urukoba(Apartheid) yari agisibije mur'ico gihe. Ubwiwe yipfuza ko abazungu n'abirabure basubiza hamwe. Mandela yari afise ivyiyumviro vyo gukunda no gukundisha igihugu abo atwara.

Reka turabire hamwe ibintu 10 mutari muz  ku buzima bwa Nelson Mandela 

1. Izina


Izina ryiwe ntiryari Nelson Mandela,  yitwa "Rolihlahla" risigura gukwega ishami ry'igiti. Kubera abigisha b'abazungu vyabagora kuvuga iryo zina baciye bamwita Nelson iryo naryo ryavuye ku musirikare w'umwongereza. Nelson ryaciye riguma kw'izina ryiwe. Ivyo ntivyabaye kuri Mandela gusa, vyarabaye no kubandi bana bafise amazina yagora gusubirwamwo n'abazungu.

2. Yarahunze umuryango wiwe.


Mu mwaka w'1941, Mandela na muvyarawe barahunze iwabo ku gutinya ko abavyeyi babo babaha abagore badashaka. 

3. Kwirukanwa kw'ishure


Nelson Mandela yize kw'ishure ry'aba Missionnaire ryitwa "Qunu", kuri iryo shure yarirukanwe azira gutegura iyegereyegere (grève) yiyamiriza itegeko abazungu bari yashizeko kuri iryo shure.

4. Guhura n'ibibazo mu rugo.


Mu mwaka wa 1944, Mandela yarashinze urwiwe na Evelyn_Ntoto_Mase , umubano wabo warahungabanijwe n'ibibazo ico gihugu carimwo ico gihe. Igihe Mandela yari mw'ibohero umwana wiwe yaritavye Imana biturutse kw'isanganya,  hari mu mwaka wa 1969, uyundi mwana yitavye Imana ku mezi icenda gusa. Hari uyundi mwana wiwe yitavye Imana ahitanwe n'ikiza ruhonyanganda "Sida" hari mu mwaka wa 2005 uwo mwana yitwa "Makghato"

Mandela yahavuye aronka abandi bana 2 ku wundi mugore wa kabiri "Winnie" , yahavuye aronka abuzukuru n'abuzukuruza benshi gutyo aba araronse umunezero yari yaranyanzwe. 

5. Kugira umunsi w'akaruhuko wamwiyitiriwe.


Mu mateka y'abakuru b'ibihugu canke abanye politike ni gake tubona umuntu afise umunsi umwitirirwa. Ivyo tubizi kubakuru bake ndetse Mandela akaba arimwo muri abo bake.

Mu kwibuka uruhara rya Nelson Mandela aho yarwaniye ukwidengevya mu ukwezi kwa munyonyo 2009, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryashinze umunsi w'amavuko wa Mandela 18.07 uzokwitwa "Mandela day". 

Uwo munsi abantu basabwa kumara iminota 67 bariko bakora ivyiza mu kwibuka imwaka 67 yamaze ariko ararwanira agateka k'abanya Afurika y'epfo ndetse na Afurika muri rusangi. 

6. Kubakana n'umugore w'uwahoze ari umugore w'umukuru w'igihugu.


Mu mwaka wa 1986, igihe umukuru w'Igihugu ca Mozambique ahitanwe n'isanganya ry'indege. Uwari umugore wiwe yaciye atangura kuganira cane na Mandela.  Inyuma yaho, imigenderanire yabo yaratsimbataye. Gutyo baca bubakana mu mwaka wa 1996 Winnie aba abaye umugore w'abakuru b'ibihugu 2.

7. Umushigwamanza Mandela. 


Mandela yari yize amategeko muri kaminuza iri Johannesbourg, yabaye umushigwamanza wa mbere w'umwirabure. Ico gihe nta mwirabure yashobora kugera kuri urwo rugezo. Mandela niwe bivugwa ko yoba yatowe ubwambere. 


8. Mandela yari umuntu yiyoberanya nk'uruvo.


Igihe Mandela yari mu rugamba rwo kurwanya amacakubiri afatiye ku rukoba, vyamusaba ko yiyoberanya. Kenshi yihindura umushoferi. Ibinyamakuru ico gihe vyamutazira "Inkingi y'Abirabure". Yari afise ubuhinga bwo kwinyegeza abapolisi b'abazungu. 

Mu gitabo "Long work true freedom" Mandela ubwiwe yavuze ati "Nahindutse ikiremwa c'ijoro, ulurango naguma ninyegeje. Akazi kanje nagakora ijoro ritanguye." 

9. Mandela yari ku rutonde rw'abaterabwoba rwashize hanze n'igihugu ca Amerika.


Mandela na bagenzi be bo mu umugambwe ANC, bari barashinzwe ku ntonde rw'abakurikiranwa na Amerika nk'abantu bakora itera bwoba ku bazungu.  Bose bagirizwa urugamba bari bazanye rwo kurwanya amacakubiri afatiye ku rukoba yari yaranzanwe n'abazungu (Apartheid).
 Mandela yakuweko kurinzo ntonde mu mwaka wa 2008, afise imyaka 89. 

10. Kuba Umukuru w'Igihugu vyahinduye Afurika y'epfo ndetse na Afurika yose. 


Ugutorwa kurongora igihugu ca Afurika y'epfo mu mwaka w'1991 kwabaye ukudasanzwe kubera izi mpamvu ngira ndakubwire:

1. Yabaye umukuru w'Igihugu wa mbere yabonetse biciye mu matora.

2. Yabaye Umukuru w'Igihugu wa mbere w'umwirabure yatwaye mu gihe abandi wahaciye bari abazungu.

3. Yabaye Umukuru w'Igihugu wa mbere atowe akuze kuruta abandi bari bamaze gutorwa.

4. Ibirori vyo kwimika Mandela vyitabiriwe n'abakuru b'ibihugu benshi kuruta ibindi birori vy'abakuru b'ibihugu bitandukanye.

5. Yarahawe agashimwe kitiriwe amahoro (prix Nobel), ako gashimwe yagahawe mu mwaka w'1993 kuko yashoboye gukuraho intwaro y'agahotoro adakoresheje umuheto, agaca atako akazana intwaro ya demokarasi.  Mandela yararonse n'ubundi bushimwe bugera kuri 250 bwose hamwe. Bwose bwavuye ou bikorwa vyiza yakoze mu gihugu ciwe hamwe n'ahandi.

Amatororokanirizo yacu kuri Nelson Mandela naha agarukiye. Aya namwe mu makuru mushikirizwa n'urubuga Daflx.com bifatanije na IZERE TV. Umwanditsi aka yari NDABUZERE TOUSSAINT. murakoze ahanje tuzosubira ubutaha. 

Share on your social networks