YOBA YEMEYE KO ARONGORWA NA SADIO MANE KUBERA AMARONKO.

YOBA YEMEYE KO ARONGORWA NA SADIO MANE KUBERA AMARONKO. - image | daflx blog

Published 16-01-2024 10:01:11 in

Inyuma y’iminsi bakoze ubukwe, Aisha Tamba yarongowe na Sadio mané batikije imbuga nguruka nabumemyi, Aisha yamenyesheje ko adateze guhindurwa n’ivyo umugabo wiwe atunze.


Ubukwe bwa Aisha na Mané, bwavuzweko vyinshi cane ku mbuga hwaniro kuko Sadio Mané arusha imyaka igera kuri 12 Aisha Tamba. Bikavugwa ko Aisha Tamba yakurikiye amaronko, kuko n'amashure yisumbuye atari bwayamare. Mw'idini rya islam riremera abubakana barutana imwaka myinshi.

Yagize ati ”Nta maronko niyumvamwo kuko amafaranga ya Mané ntazompindura. Ivyo sivyo mpanze amaso, nzobandanya guca bugufi kandi ngumane ubwitonzi bwanje.”

Ivyo yabishikirije mu kiganiro yakoze ku mboneshakure Daily Mail. Aisha asanzwe adakunda kuboneka ku mbuga, ivyo biri mu bimutirimuza kubona avugwa hirya nino kw'isi. 
Yagize Ati ”Simenyereye kumenyekana cane kuko turi umuryango udakunda kuja ku mbuga hwaniro. Sinkunda kuvuga ku buzima bwacu.”



Aisha Tamba afise imyaka 19, yarongowe na Sadio Mané umukinyi w'umupira w'amaguru afise imyaka 31.

Tamba umugore wa sadio asanzwe ari umuntu aca bugufi cane. Mu gusezerana kwabo, Tamba yahaye isezerano ry'uko atazigera ahemukira Mané.

 

Sadio Mané ari mu bakinyi beza ba Al Nassr, n'umwe mu bakinyi binjiza amahera menshi. Yubakakanye na Aisha Tamba kuwa 7.01.2024. 


Vyitezwe ko Aisha  azogenda muri kubana na Sadio Mané muri gihugu xa Arabie Saoudite mu mpera z'uyu mwaka.


Share on your social networks