Bakoze cane! Abaririmvyi bakoze cane mu mwaka uheze batanga icizere co kuba abaririmvyi bakomeye uyu mwaka.

Bakoze cane! Abaririmvyi bakoze cane mu mwaka uheze batanga icizere co kuba abaririmvyi bakomeye uyu mwaka. - image | daflx blog

Published 03-01-2024 05:01:05 in

Mu Burundi, haravuka abaririmvyi benshi bashasha. Abo bashasha bazanana inguvu nyinshi, benshi muribo barabiheba, bake barabandanya urugendo.

 Ngaba Abaririmvyi bakoze cane mu mwaka wa 2023, banatanga n'icizere cokuba abaririmvyi bakomeye cane muri 2024.

1. Umugwi We Love Muzika 
2. Theecember, 
3. Drama T,
 4. D-ONE.



Aba bose bakoze ibikori'nka mu mwaka uheze (2023), uko ari bane (4) , batanga n'icizere ko no mu mwaka uza (2024) bazokora cane.
Reka tugaruke bimwe bagiye bararangura mur'uwo mwaka duhejeje.

 We love muzika

 

Abaririmvyi babiri bahujwe n'urukundo bafitaniye, umwe yari umufana w'uwundi. Baja hamwe bagira umugwi bawita WE LOVE MUZIK, ariko uza guhindurirwa izina batandukanye n'uburongonzi bwa DB ENTERTAINMENT bari bafitaniye ubucuti, ubu ukaba witwa WE LOVE MUZIKA.
Umugwi WE Love Muzika ugizwe n'imisore ibiri [DJ Fernand & Mélanin Bwoy] b'abanyempano mu buryo budasanzwe, ndetse bafitiye kazoza umuziki w'iBurundi.

Kuwa 15 Rusama 2023, barashize hanze indirimbo bise . Indirimbo 'Jolie' iri mu ndirimbo bemeza ko yabugururiye zimwe mu nzira nyinshi bari barabuze.

Kuwa 25 Nyakanga 2023, barasuniye gususurutsa abakunzu babo mu kubaha indirimbo bise 'Jana Nanje'.
Jana nanje n'ndirimbo gushika n'ubu ziri mu zigezweho. 

Mu mwaka uheze, barakoze ibiteramo bitari bike. Aho abategura ibiteramo babatumako ku bwinshi. 

Aba baririmvyi bari mu basosewe n'uyu mwaka uheze, ndetse bakaba batanga n'icizere co kuba rurangiranywa mur'uyu mwaka dutanguye. 

Theecember

 
Rufyikiri David yamenyekanye kw'izina rya theecember , n' umuririmvyi ariko yigarurira imitima ya benshi bitewe n'ijwi ryiwe.

Uyu muririmvyi ari mu bumvirizwa cane ku rubuga rwa Spotify ndetse akaba ariwe wa mbere mu Burundi yumvirizwa cane kuri urwo rubuga hagakurikira Sat-B, Drama T,,,,,.
 
Theecember yatanguriye ahinyanyura imidiho , munyuma aza kumenyekana cane aho yasubiramwo indirimbo Finesse ya Pheelz.

Theecember arikumwe n'urubuga rwihaye ihangiro ryo gushikana kure impano z'abaririmvyi, abatwenzi,,,,
'COLORS x STUDIO',  baherutse gushira hanze indirimbo bise "permission".

Theecember ari mu baririmvyi bakiri bato bafise igikundiro cishi. Mu mwaka turangije yasohoye indirimbo zibiri,ariko yawumaze azunguruka mu biteramo hirya no hino.
 

Drama T 


Iradukunda Henri yamenyekanye cane kw'izina rya Drama T, mu gihe yari avuye muri Bantu Bwoy yasa n'uwugomba gusubira inyuma.

Mu mwaka uheze yakoze indirimbo zibiri Itaporize hamwe na Kode.

Imbere yuko umwaka wa 2023 urangira, Drama T yaramenyesheje ko yiteguriye gusohora indirimbo ziri kurugero mpuzamakungu . Abicishije kumbuga ngurukana bumenyi, yatangaje ko afise indirimbo yakoranye n'abaririmvyi bakomeye bo muri Afurika harimwo abava muri Tanzanie Ghana, Nigeria anatangaza ko ibikorwa bigeze kumusozo bihera.

Uyu mwaka drama T biboneka ko azozanana ingumvu nyinshi. Nawe ari mu baririmvyi bakiri bato biteguriye guhangana n'umurindi w'iterambere ry'umuziki w'I Burundi.


D-ONE

Ndayikengurukiye Dieudonné yamenyekanye cane kw'izina rya D-ONE N'umwe mubaririmvyi bakunzwe cane n'abarundi bivanye n'indirimbo asohora zumvirizwa na Bose.

D-ONE yamenyekanye cane aho yasinya amasezerano n'inzu ikora umuziki 'ITEKA MUZIKA' yabahaye icizere kinini bahava banashinga n'iradiyo 'ITEKA FM'.
D-ONE uno mwaka yakoze indirimbo zadyoheye benshi harimwo nka 


D-ONE  ari mu baririmvyi bakora cane, uyu mwaka twinjiyemwo yitezwe mu bikorwa bitandakanye.



Share on your social networks