BURUNDI : INTWARI NTIPFA IBAHO IBIHE VYOSE. (AMATEKA YABO)

BURUNDI : INTWARI NTIPFA IBAHO IBIHE VYOSE. (AMATEKA YABO) - image | daflx blog

Published 08-04-2023 09:04:18 in

Amissi Hussein benshi bamuzi nka "Canjo Amissi " Ni umwe mubaririmvyi banditse amateka atazopfa ahanaguwe mu muziki wo mu Burundi.

Canjo Amissi  Yavukiye mu Ntara ya Ngozi mu buraruko bw'Uburundi kw'igenekerezo rya 5 Rusama umwaka wa 1957.
Umuziki yawutanguye neza na neza mu mwaka wa 1977 , aho atatevye kwubaka izina ryiwe mugutahukana udushimwe dutandukanye.

 Yaratahukanye kamwe mudushimwe cumi twateguwe n'iradiyo RFI y'abafaransa agashimwe kitiriwe "Discovery Contest" katangujwe mu mwaka wa 1981 kugira gafashe gutez'imbere impano zo muri Afrika.

Abariko baratanga amanota murico gihe bose bararengewe n'umurya w'igitari wakoreshejwe na Canjo Amissi werekana akanovera kari mu rurimi rw'ikirundi mu ruririmbo 'Sokuru yar'intwari'.

QIvyiza vya Canjo Amissi ntitwobivuga ngo tubiheze ariko ico benshi batazopfa bibagiye nuko indirimbo ziwe zari zifise akamaro kanini mu buzima bw'igihugu cacu aho nizo zatangura ibiganiro vy'imboneshakure y'igihugu kuva mumwaka w'1984 itanguye gusamirana.
Mu mwaka w' 1981 nyene umuririmvyl Canjo Amissi yaratahukanye agashimwe kitiriwe Prix Calao muri Senegal. Ni bimwe vyerekanye ko uwo muririmvyi abandanya kwerekana ubushobozi budasanzwe mu mpano yiwe y'umuziki.

Mwireresi Master of None yabanyamerika ica kuri Netflix hari agace kerekanywe ubwambere kwigenekerezo rya 12 Rusama umwaka w2017 harimwo agace K'indirimbo ya Canjo Amissi benshi muzi "UMUGABO W'UKURI".

Arikumwe n'umurwi Orchester National Canjo Amissi yarashoboye kuririmba Indirimbo nka: Ntacica nk'irungu, Umugabo wukuri, Garukiraho, Wagiye hehe kiyago canje, Paradoxe hamwe n'izindi.
 
Canjo Amissi yari umugabo abushitse ufatiye kundirimbo yadusigiye. Yashengeye kwigenekerezo rya 03 Ndamukiza umwaka w 1996. Akaba yagiye asize abana batatu ku bakenyenzi batatu nyene, ntiyari bwubake urwiwe. 

Share on your social networks