BURUNDI : YATAKAJE AMARASO MENSHI, ARIELLA IRAKOZE ARWARIYE MURI KENYA ARASABA INTERERANO Y'AMARASO KUKO YATAKAJE MENSHI.

BURUNDI : YATAKAJE AMARASO MENSHI, ARIELLA IRAKOZE ARWARIYE MURI KENYA ARASABA INTERERANO Y'AMARASO KUKO YATAKAJE MENSHI. - image | daflx blog

Published 02-11-2023 05:11:18 in

Umuryango wa Moïse Ruberintwari na Ariella Irakoze usanzwe ugwarije muri Kenyatta National Hospital KNH, batabaje Abarundi n'abanyagihugu basanzwe baba muri Kenya guha amaraso umugwayi Ariella Irakoze kuko yatakaje menshi cane.
 
Mu butumwa buriko barahanahanywa buva kubegereye umugwayi Ariella Irakoze busaba umurundi canke uwundi wese abishoboye  guterera amaraso gutyo umugwayi aroranirwe.

Ariella Irakoze yarungitswe kubandanya kwivuza muri Kenya mu gihe ino vyari vyanse. Uwo murwayi yafashe indege kuwa 30.10.2023 aja ku bitaro Kenyatta National Hospital. Umunsi w'ejo haheze niho yakirwa mu bitaro nk'uko twabibamenyesheje mu nkuru z'ejo.

Agikorwa ibipimo basanze yaratakaje amaraso menshi. Barasaba Abarundi n'abandi bafise umutima w'ikigogwe basanzwe baba mur'ico Gihugu guha amaraso umugwayi.

Uko mwobikora, mwoshika ku bitaro Kenyatta National Hospital aho asanzwe agwariyeko mukavugana n'uwumurwaje canke mugaca ku muhora wa 0793300786. Umuryango ubaye urabashimira ku bwitange bwanyu.

Share on your social networks