FOOTBALL : ACHRAF HAKIMI YAREZWE N'UMUGORE ARONDERA DIVOROSE ASANGA IMITUNGO YOSE YAYANDITSE KURI NYINA.

FOOTBALL : ACHRAF HAKIMI YAREZWE N'UMUGORE ARONDERA DIVOROSE ASANGA IMITUNGO YOSE YAYANDITSE KURI NYINA. - image | daflx blog

Published 14-04-2023 01:04:14 in

Hiba Abouk, umugore w’umukinnyi w’umupira w'amaguru Achraf Hakimi, yatangaje ko yiteguye gutandukana n’umugabo wiwe yerekana impapuro zibisaba , aza gusanga nta mutungo numwe wanditswe ku mazina y'umugabo wiwe vyose vyanditswe ku mazina ya nyina amuvyara.

Uwo mugore ivyo yabimenyesheje abicishije mw'itangazo ryerekanwe n’ikinyamakuru co muri Esupanye " El Pais" , Hiba avugako impamvu imuteye gutandukana n’umugabo wiwe ari ukubera icaha akurikiranyweko co gufata ku nguvu , ndetse yemeza ko atari iciyumviro afashe giturumbuka, avugako yaramaze igihe avuye mvirako gutandukana nuwo mugabo ava muri Maroc.

Hiba Abouk w’imyaka 36 aruta kure umugabo wiwe kuko we afise imyaka 24, yamujanye mu ntahe yizeye ko azoronka imiliyoni 70 z’ama Pounds (mu marundi arenga imiliyaridi 21) , ariko akubitwa n’inkuba kuko yasanze umugabo ata mutungo n’umwe afise.

Achraf Hakimi, yatanguye gukurikiranwako ivyaha vy’ihohoterwa rishingiye ku gitsina yakoreye umukobwa w’imyaka 23.

Icaha Achraf Hakimi akurikiranyweko bikekwa ko yagikoze aho yatumira umukobwa iwe mu gihe umugore wiwe Hiba Abouk n’abana biwe babiri bari mu buuruhuko i Dubai.

Abashikirizamanza bo mu Bufaransa batanguye iperereza kuri uyu mugabo bikekwa ko yakoze ivyo vyaha ku wa 25 ruhuhuma 2023.

Ikinyamakuru Le Parisien catangaje ayo makuru kivuga ko umukobwa wakorewe icaha yijanye ku Biro vya Polisi ya Nogent-sur-Marun itariki ya 26 ruhuhuma 2023, atanga ikireho c'uko yafashwe ku ngufu n’umukinnyi wa Paris Saint-Germain.

Inyuma yo gutanga ikirego, ku wa 27 ruhuhuma 2023, hatanguye gukorwa iperereza kuri ico caha kuko umukobwa yerekanye ibimenyetso bifatika.

Share on your social networks