IMYIDAGADUR : JAMES NA DANIELLA BITEZWE N'ISINZI RY'ABANTU I BURUNDI MU GITERAMO CO KURANGIZA UMWAKA.

IMYIDAGADUR : JAMES NA DANIELLA BITEZWE N'ISINZI RY'ABANTU I BURUNDI MU GITERAMO CO KURANGIZA UMWAKA. - image | daflx blog

Published 20-12-2023 07:12:20 in

James na Daniella baririmba indirimbo mpimbaza Mana bategerejwe mu giteramo kirangiza umwaka mw'isengero Shemeza Worship temples categuwe n'umwungere w'iryo sengero Apôtre Apollinaire HABONIMANA.

Isengero Shemeza Worship temples rirakwije imwaka ine ribayeho, kuko kuwa 8.12.2019 niho ryatangura ibikorwa vy'ivuga butumwa. Kugeza ubu iyo Sengero rimaze kurangura ibikorwa bitari bike.


S'ubwa mbere uwo muryango uzoba utumiye James na Daniella guhimbariza mu Burundi. Mu myaka igera kuri ine bamaze baririmba,  bamaze kuboneka akatari gake mu biteramo mpimbazamana mu Burundi. 

James na Daniella bazwi mu ndirimbo mpimbaza Mana ziruhura imitima ya benshi kandi zigasubiza icizere kuri benshi. 


Kuva ku ndirimbo ‘Mpa amavuta’ yabaye indirimbo ikunzwe cane mu rugendo rwabo rw’umuziki.
 Yarakunzwe mu buryo bukomeye, kugeza aho banayitiriye igitaramo cabo ca mbere bakoze muri BK Arena mu mwaka wa 2020.

James na Daniella barakoreye ibiteramo mu bihugu vya Burayi cane cane mu gihugu c'ububiligi aho bari bahuriyemwo na Fortran Bigirimana.


Ubu bari mu myiteguro yo kuja kurangiza umwaka i Burundi, mw'ijoro ryo kurangiza umwaka bazoba bifatanije n'abakirisu bo mw'isengero Shemeza Worship temples. 


Share on your social networks