Umuririmvyikazi Kellyna yamenyesheje ko abakobwa bakwiye kwiyubara bakamenya aho kuronderera akazi atari kugurura amaguru yabo.
Kellyna asanzwe ari mu bigeme bariko bararuka muri muzika y'iburundi, aherutse no gushira ahabona indirimbo yiwe igira kabiri yise "Cinéma" yibukije abigeme bahora baronderera amahera barinze kuzita ko iyo ngendo atari nziza n'agato. Asaba umukobwa uwariwe wese kuronderera amafaranga mu kuri.
Uwo mwigeme abasaba kwibaza ejo habo uko hazoba hameze mu gihe bazoguma bayugurura. Amenyesha kandi ko ababazwa n'abavyeyi babo batabaha ikiyago gikwiye.
Agira Ati "Muri kino gihe abavyeyi ntibagiha ikiyago gikwiye ku bana babo b'abigeme. Abo bana nabo, ivyo bumvise baca bashaka kubikora. Iyo babikoze akenshi barwa mu manga."
Mu gihe abigeme badatinya guhakanira umuhungu yaguhaye amahera yiwe, uwo mwigeme abasaba kumenyera kuvuga "oya".
Mu bisanzwe Kellyna n'umuririmvyikazi agitangura kuririmba, akaba n'umwe akora ibiganiro bishingiye ku guhanura imiyabaga. Ku rubuga rwiwe rwa youtube akaba afise indirimbo zibiri amaze gushira hanze, hamwe n'ibiganiro bijanye n'impanuro z'abakiri bato.