IMYIDAGADURO : BAFASHWE BIVYE INGURUBE, BAMAZE NO KUZIBAGA.

IMYIDAGADURO : BAFASHWE BIVYE INGURUBE, BAMAZE NO KUZIBAGA. - image | daflx blog

Published 03-12-2023 12:12:35 in

Muri komine ya kayanza, hafashwe kur'uyu wa gatanu abagabo bivye ingurube. Bakaba bari bamaze no kuzibaga. 
Umwe muri abo basuma akaba ari asanzwe aba ku mutumba wabereyeko ubwo busuma. Nayo abandi babiri bakaba arabo ku mutumba bahana urubibe. Nk'uko iyi nkuru tuyikesha Iris News.

Nk'uko vyiganwa n'umukuru w'umutumba wa Mpanda-Migege, ngo iyo ngurube yafatanywe umuyangayanga ariko arayibagira aho bita kwi "Shimu". Harengana umunyagihugu amenya mwene iyo ngurube. Uwo muyangayanga akaba yaciye avuga abo yayiguriye babona gufatwa.

Abo basuma bakaba baciye bashikirizwa inyamiramabi kugira ngo bakorerwe dosiye maze bashengezwe.



Abenegihugu bo kuriyo mitumba yabereyeko ubusuma basaba ko abo basuma bohanwa vy'akarorero kuko ngo ubusuma bwo mu nzu cane cane ubw'ibitungwa bwimonogoje muri ino misi. Bakamenyesha ko mu kwezi kumwe gusa  hamaze kwibwa inka 2, impene 4 n'ingurube 3.

Share on your social networks