Umuririmvyi The Ben yamenyekanye cane mu karere k'afurika y'ubuseruko yaraye arangije ibiteramo yari afise mu Burundi.
Mu giteramo c'ejo kuwa 01.09.2023, bamwe mu batumire ntibashoboye ku garagara ku butambiro.
Big Fizzo n'izina rikomeye muri muzika y'iburundi, yari ku rutonde rw'abazoseka muri'co giteramo birangira atabonetse
kumvo z'uko umusi w'igiteramo wageze atararonswa uburyo bwose nk'uko vyari mu masezerano.
Umuririmvyi Lino-G nawe yari mu batumire ntiyashoboye kuririmba ku mvo z'uko umushushabirori azwi kw'izina rya MC Ami Pro atamuhamagaye ngo aze kuririmba.
Sabo gusa batashoboye kuririmba muri'co giteramo n'abaririmvyi baje bava mu gihugu c'Urwanda nka Bushali na Shemi ntibaririmvye
Umuririmvyi Sat-B yari ku rutonde ariko we yashoboye kuririmba. Abakunzi biwe bitabiriye igiteramo bamenyesha ko atabaryoheye nk'uko yahora abikora. Mu biteramo yahora yitembagaza mu bakunzi maze nabo bakamusubiza ku butambiro, ariko ntavyo yakoze. Bamwe bemeza ko n'aho yaririmvye atari aryohewe. Nawe ntiyari bwaronswe uburyo bwose.
Umuririmvyi yari yaje ahanzwe amaso na benshi ariwe The Ben wewe yararirimvye ndetse binezereza abakunzi b'umuziki bari bujuje ikibanza cabereyemwo ico giteramo.
Ibi biteramo vyose vyateguwe n'ishirahamwe Now Now Company mu ntumbero yo kwugurura ibikorwa vyaryo aha mu Burundi akaba ari co giteramo cambere iri shirahamwe riteguye.