IMYIDAGADURO : N'IKI KIBURA KIGURA ABARIRIMVYI BA BARUNDI BASERUKE MU BIRORI NGARUKA MWAKA VYA TRACE AWARDS

IMYIDAGADURO : N'IKI KIBURA KIGURA ABARIRIMVYI BA BARUNDI BASERUKE MU BIRORI NGARUKA MWAKA VYA TRACE AWARDS - image | daflx blog

Published 20-10-2023 06:10:30 in

Mu gihe ibihembo vya Trace Awards bigeze ahashushe mu Gihugu kibanyi c'URWANDA, abaririmvyi batandukanye bavuye mu bihugu vyinshi bigize afurika batabiriye ivyo birori haburamwo umuririmvyi w'Umurundi n'umwe.
Mu gihe dufise inzobere z'umuziki mu BURUNDI, harabuze n'umwe yotumirwa mur'ivyo birori ngaruka mwaka. 


Benshi mu baririmvyi ba bakabwe na bandi bakicaruka baribaza igituma badatumirwa yamara bobo bazi ko bashoboye.

 
Iradukunda Henri azwi cane kw'izina rya DRAMA T, umwe mu ruganywe rushasha ruriko rukora neza yagize ico ashikiriza inyuma yo kubona ko ata muririmvyi n'umwe w'Umurundi atumiwe mur'ivyo birori ngaruka mwaka.



Yagize Ati:”Iki nico gihe ciza co guhaguruka , tugakorera hamwe kugira ngo dufashe umuziki wacu.Trace Awards itweretse ko tutazwi muri Afurika y'ubuseruko.
Ntawashizwe mu banzoronka ibidari, ntanuwatumiwe. BUJA FLVA WAKE UP AND START WORKING”.
 

DRAMA T arerekana ko ababajwe n'uko ata muririmvyi n'umwe w'Umurundi yatumiwe, nta n'umwe w'Umurundi ariko ku rutonde rwa bahiganirwa ikidari.
 
DRAMA T afise vyinshi amaze gukorera umuziki w'iburundi, mu gihe gito amaze mur'iyi indansi, Drama ariko araha igicapo ciza umuziki wacu.





Share on your social networks