IMYIDAGADURO : URUGENDO RWA KECAPU KUGEZA AHO YIBARUKIYE ABANA BATATU ICARIMWE.

IMYIDAGADURO : URUGENDO RWA KECAPU KUGEZA AHO YIBARUKIYE ABANA BATATU ICARIMWE. - image | daflx blog

Published 17-04-2023 07:04:05 in

Umuryango wa Mutabazi Jean Luc na Muyizere Jalia Nelly kuri uyu wa Gatanu itariki 14 Ndamukiza 2023 mu Bitaro vya la Croix du Sud benshi kw'izina RYO kwa Nyirinkwaya niho icamamare muri Sinema Nyarwanda Mukayizere Jalia Nelly yamenyekanye kw'izinazina rya Kecapu muri Filimi y’ Urukurikirane ya Bamenya , yibarutse abana batatu harimwo abahungu babiri n’ umukobwa umwe.

Ayo makuru yagiye hanze ku munsi ukurikira mu masaha yo mu gitondo aho incuti ziwe bakinana muri Bamenya zagaragaje umunezeroa ko yibarutse abana batatu bakaba imfura bose avyariye umugabo wiwe Jean Luc Mutabazi ndetse bakaba n’ ubuheta kuri we.

Kecapu na Jean Luc basezeranye imbere y’ amategeko itariki 27 rusama 2022 Gisenyi/Rubavu.

Ku wa 13/10/2023 Kecapu yari yashize amafoto atatu ku mbuga nkoranyambaga agaragaza ko we n’ umugabo wiwe biteguriye umwana, ni amafoto yavugishije benshi bitewe n’ uburyo yari akoze ariko we akemeza ko ari amafoto y’ urwibutso.

Share on your social networks