IMYIDAGADURO : WARUZI KO GUSOMANA BIKINGA INDWARA ZO MU KANWA? NAWE ISOMERE IVYIZA VYO GUSOMANA HAGATI Y'UMUHUNGU N'UMUKOBWA.

IMYIDAGADURO :  WARUZI KO GUSOMANA BIKINGA INDWARA ZO MU KANWA? NAWE ISOMERE IVYIZA VYO GUSOMANA HAGATI Y'UMUHUNGU N'UMUKOBWA. - image | daflx blog

Published 09-12-2023 10:12:49 in

Igikorwa co gusomana ni igikorwa abantu benshi badaha agaciro cane, ariko nkuko  abashakashatsi hamwe n’inzobere mu bijanye n’umubiri w’umuntu ndetse n’ivyiyumviro vy'umuntu. Igikorwa co gusomana kigira ivyiza vyinshi kubari kukirangura. Aha turababwira bimwe mu vyiza biri mu gusomana.


1.Gusomana vyongera ubudahangarwa bw’umubiri. 

Ubu n’ubushakashatsi bwakorewe ku bagore bafise inda, iyo umugore akunda gusomana bituma ubudahangarwa bw’umubiri wiwe bwiyongera gutyo bikarinda umwana wiwe kuba yovukana ubuhumyi ndetse n’izindi ndwara umwana yokwandura akiri mu nda kwa nyina.

2.Gusomana bigabanya ibinure mu mubiri.

Ubu n’ubushakashatsi bwakorewe ku bantu benshi batandukanye iyo usomanye umunota umwe gusa uba ugabanyije ibinure kuva kuri calorie 2 kugeza kuri 6. Ivyo binure ushobora kubita mu gihe wirutse n'imiburiburi iminota 30. 

3.Gusomana bikomeza imitsi yo mw'isura.

Igihe uriko urasomana , igice cawe co hejuru (umutwe) nico gikora cane. Ubushakashatsi bwerekana ko iyo uri gusomana imitsi 30 yo mw'isura ikorera icarimwe.


4. Gusomana biruhura mu mutwe (Relax).

Ubushakashatsi bwerekana ko igihe uriko  urasomana mu mutwe hawe haruhuka cane ndetse n’umubiri wawe ukumva umerewe neza cane.


5.Gusomana bigutegura neza igihe ugiye gukora imibonano mpuza bitsina.


Gusomana imbere yo gukora imibonano mpuza bitsina bigutegura neza haba mu mutwe ndetse no mu vyiyumviro vy’umubiri wawe bigatuma uwo mugiye gukorana ico gikorwa umwiyumvamo cane.


6.Gusomana vyongera kwiyumvanamwo urukundo ku bakundana.

abakundana bakunda gusomana, bibafasha kwiyumvanamwo cane. ukumva aho mugenzi wawe ari uramukumbuye kandi ariho mugitandukana. Ni gutyo gusomana vyongera urukundo ku bakundana.



Share on your social networks