IMYIDAGADURO : YAFATIWE MW'ISOKO ARIKO ARAGURISHA INYAMA Z'IMBWA.

IMYIDAGADURO : YAFATIWE MW'ISOKO ARIKO ARAGURISHA INYAMA Z'IMBWA. - image | daflx blog

Published 27-11-2023 12:11:01 in

Ku munsi w'Imana uheze itariki 26.11.2023, mu gihugu kibanyi c'Urwanda hari umugabo yitwa Kubwimana
 Anastase aturuka  mu karere ka Huye yafashwe ariko aracuruza inyama z’imbwa mw'Isoko.


Uwo mugabo Anastase kigura afatwe nuko yayanze inyama kandi atahora aziyanga. Ivyo vyemezwa n'abanyagihugu bo murako gace habereye iryo bara.


Bagize Bati “Yaritoye aragenda abaga imbwa hanyuma aja kuzicuruza mw' isoko nk’uko abantu bacuruza ibijumba n’inyanya. Mu bisanzwe inyama zigira aho zigomba gucururizwa hazwi.”

Anastase akimara gufatwa yajanywe iwe mu rugo gusaka, maze babona agahanga k’imbwa kari aho yayibagiye.

Nawe ubwiwe aremera ko izo nyama ari iz'imbwa yafashe. Araheza arazibaga kugira azigurishe aronke amafaranga. 

Yagize Ati :" Nari nkeneye amafaranga kugira ngaburire umuryango wanje. Naciye mfata imbwa ziyerereza ku gasozi ndaheza ndazibaga, ndazishora nk'abandi bayangayanga."

Abarongoye intwaro basaba abayangayanga gucuruza inyama zikwije ibisabwa, ndetse banazidandarize mu bibanza bizwi n'amategeko. Bagasaba kudomako urutoki uwo wese arenga ku mategeko.



Ababaga imbwa, n'ibindi bikoko usanga akenshi ari izo baba bafashe ziyerera ku gasozi canke ugasanga ari intungano yishe. Iziyerereza zozo ntiziba zikingiwe. 


Abenegihugu bakwiriye kumenyera kugura ibiribwa bikwije ibisabwa, kugira birinde indwara z'ivyanduka hamwe n'izindi ndwara zifatira mu gufungura ibidakwije ibisabwa.

Share on your social networks