INKURU W'UMUBABARO : MU NTARA YA KAYANZA HATOWE IKIZIGA C'UMWANA W'IMYAKA 18.

INKURU W'UMUBABARO : MU NTARA YA KAYANZA HATOWE IKIZIGA C'UMWANA W'IMYAKA 18. - image | daflx blog

Published 21-11-2023 01:11:57 in

Kur'uyu wa 20.11.2023, ku mutumba Matongo usanzwe uri muri komine Matongo intara ya Kayanza hatowe ikiziga c'umwana w'imyaka 18.
 
Abamuheruka ubwa nyuma bavuga ko yariko akina n'abandi umupira wa maguru mu mvura hambavu y'uruzi Gitazi kur'uyu wa 19.11.2023. Akaba yaciye akorokora mur'urwo ruzi, ikiziga ciwe cagiye gutorwa muri komine Muhanga nkuko vyemezwa n'ababanyi b'umuryango wiwe bariko bararangisha uwabo. 

Ikigandaro kikaba caciye gitangura aho yari asanzwe aba muri komine Matongo y'intara ya Kayanza.

Abajejwe intwaro bakaba bahanura abavyeyi kwama hafi y'abana babo kugirango bagerageze gukingira impanuka zoshikira urwaruka rwabo.




Share on your social networks