MANANGER WA VESTINE NA DORCAS ARAGIRIZWA GUHOHOTERA IBINYAMAKURU VY'I BURUNDI.

MANANGER WA VESTINE NA DORCAS ARAGIRIZWA GUHOHOTERA IBINYAMAKURU VY'I BURUNDI. - image | daflx blog

Published 04-01-2024 12:01:05 in

Mu gihe abaririmvyi baririmba indirimbo mpimbaza mana bakuzwe cane mu Rwanda baherutse kuza guteramira mu burundi. 

Vestine na dorcas bari baje kuwa 20.12.2023, mu gihe bari bafise igiteramo cabo kuwa 23.12.2023 kuri source du nil.  Bari bazananye n'uwubafasha mu vy'umuziki Irene Murindahabi asanzwe ari n'umumenyeshamakuru.

Bagishika ku kibuga c'indege c'i Bujumbura, bari bakiriwe n'abamenyeshamakuru batandukanye ndetse n'uwabatumiye mur'ico giteramo.

Mu gihe bariko baratanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru, uwabatumiye kuza guteramisha yarasavye ko ku munsi w'igiteramo ata mumenyeshamakuru wohirahira akaza gufata amasanamu mu gihe atabiherewe uruhusha.

Imwe mu mboneshakure zikorera ku buhinga ngurukanabumenyi barasavye ko bofata amasanamu ndetse baremererwa.

Iyo mboneshakure yarafashe amashusho ndetse iyereka abarundi n'abandi isinzi baba mu bihugu bitandukanye.

Mu gihe yari amaze iminsi mike, ayo mashusho yahavuye ajako copy right nk'ikimenyetso ko ar'ayubusuma. 

Abamenyeshamakuru bakorera i Burundi batunga agatoki uwurabira inyungu abo baririmvyi ko ariwe yoba ari inyuma y'izo ngorane ziriko zishikira imboneshakure zimwe zimwe zerekanye ayo mashusho.

 


Share on your social networks