RETA IRIKO IRAKORA KUGIRA IVY'IYO NDEGE BIHERE, INDEGE Y'UBURUNDI YAGUZWE ARIKO NTIKORE ISHOBORA KUGURISHWA CANKE IKORE.

RETA IRIKO IRAKORA KUGIRA IVY'IYO NDEGE BIHERE,  INDEGE Y'UBURUNDI YAGUZWE ARIKO NTIKORE ISHOBORA KUGURISHWA CANKE IKORE. - image | daflx blog

Published 27-12-2023 12:12:59 in

Abagize inama Nkenguzamateka bariko bariga integuro y'ibwirizwa isubiramwo ibwirizwa rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w'2023-2024.

kur'uyu wa gatatu itariki 27/12/2023, Abakenguzamateka babajije umushikiranganji w'ikigega ca Reta igituma mu nteguro zose z'amafaranga Reta ikoresha hama harimwo amafaranga agenewe gukoresha indege y'Uburundi ariko itarigera iboneka.

Umushikiranganji w'ikigega ca reta Niyonzima Audace amenyesha ko "vy'ukuri hariho indege yaguzwe ariko ikaba itarashobora gukora haraciye igihe. Iyo ndege yaciye ijanwa gukoreshwa, gushika uyu musi ikaba itarahera. Niyo mpamvu hama harimwo amafaranga yo kuyikoresha kuko n'aho idakora yanditswe kuri Reta"
 
Audace Niyonzima avuga kandi ko hari umugwi uherutse kuja  kuyiraba ahiri. Uwo mugwi ngo warayibonye urabona n'ibibazo ifise.

Share on your social networks