Ronaldo kuja muri PSG!!!???

Ronaldo kuja muri PSG!!!??? - image | daflx blog

Published 12-12-2022 09:12:48 in

Cristiano Ronaldo umukinyi w'ibihe vyose yaraye yasabiwe kwinjira muri PSG.

Manager w'umugwi PSG Nasser Al-khelaifi yagize ati " hamwe n'abakinyi batatu dufise (MESSI, NEYMAR,MBAPPE),biragoye ariko ndamwipfurije amabigwe. N'umukinyi mwiza kandi aracari umukinyi w'igitangaza".

Ayo namwe Mu majambo yavuzwe na nyene PSG, Cristiano Ronaldo akaba atacizere abifiseko kubera yoba agiye guhura n'ibihangange nkawe , bikamuviramwo kudatangura Mu kibuga (remplaceur).

Cristiano Ronaldo akaba aheruka gusezererwa mu gikombe c'isi kiriko kibera muri Quatar aho Portugal yatsindwa igitego kimwe n'umugwi wo muri Maroc, Ronaldo yashize hanze ubutumwa burimwo n'agahinda kenshi agira ati " gutwara igikombe c'isi na Portugal vyari inzozi zanje. Kubw'amahigwe natwaye ibikombe vyinshi mpuzamakungu harimwo nivya Portugal, ariko gushira izina ry'igihugu canje kw'isonga m'umupira w'amaguru kw'isi vyari inzozi zanje"

Cristiano Ronaldo nubwo atabishitse ku nzozi ziwe hariho vyinshi yashitseko kandi n'igihugu kiramushimira kuba yarabaye umuhetsi imyaka mwinshi (15ans),ubwo Portugal ata bakinyi yarifise bari bahagaze nkawe.

Dukurikirane utange n'iciyumviro cawe !!!!!

Share on your social networks