TUMENYANE : MARIE JOSÉE BIGENDAKO NI MUNTU KI , REKA TUGARUKE KU VYAMURANZE.

TUMENYANE : MARIE JOSÉE BIGENDAKO NI MUNTU KI , REKA TUGARUKE KU VYAMURANZE. - image | daflx blog

Published 30-03-2023 08:03:35 in

#TUMENYANE.

Mur'uku kwezi kwahariwe ABAKENYEZI twarabayagiye bamwe mu BAKENYEZI bazwi ko bakoze ibikor'inka . Mukurangiza kuno kwezi kwabahariye , reka tugaruke kur'uyu mukenyezi w'intwari.

Amazina yiwe ni Marie Josée Bigendako.

N'umwe mu bakenyezi ba mbere batanguye kwigisha mu gisata c’ubuhinga muri kaminuza y’Uburundi, akaba n'Umurundikazi wa mbere yemerewe guhagarikira ibikorwa vya thèse". Yavukiye i Gitega, afise imyaka 70 akagira abana 3 , n'abuzukuru 7. Amashure mato yayigiye ku Mushasha, ayisumbuye ayigira kuri Lycée Clarté Notre Dame, i Bujumbura.

Avuye ngaho, yaciye abandaniriza amashure muri kaminuza y'Uburundi, ico gihe yitwa "université officielle", mu gisata ca "Pharmacie".

Marie Josée BIGENDAKO yaronka amanota meza cane agasumvya abahungu bigana, kugeza yaho bikeka ko abigisha boba bamuha amanota menshi kubera ko yari umwigeme. Ari mur'ico nyene Umusi w'ikibazo we na mugenzi we bigana bakabukanije urupapuro bakorera ikibazo , afata izina ryiwe arishira ku rupapuro rwiwe , nawe ashira izina ryiwe ku rupapuro rwiwe. Ico gihe yaronse amanota make cane (4/10). Umwigisha abasubije impapuro yasanze yanditseko amajambo amubaza ivyanshikiye ivyari vyo , kuko yaratangaye abonye aronse amanota mabi. Wa muhungu nawe yaronse amanota (8/10).

Pharmacie yize "candidatures" gusa, yaciye aja mu Bubirigi kwiga, ivyo bita "Sciences botaniques" bishimikira ku vyatsi n’ibiti. Yagarutse afise urupapuro rwa "licence" aca yigisha kw’ishure rya Athénée secondaire, no muri IPA. Mu nyuma, yarasubiye mu Bubirigi muri kaminuza yitwa "Libre de Bruxelles", avayo afise urupapuro rw’umutsindo rwa "Doctorat" mu 1990. Aho hose yaza araza i Burundi kwigisha akanaraba umuryango, kuko yari yubatse afise n’abana.

Igihe yaronka amahirwe yo kuja kubandanya amashure mu Bubirigi, umushikiranganji yamunwiye ko ari we bageragerejeko, nivyanka iwe azoba atakarije amahirwe abandi bigeme n'abakenyezi. Bikunze naho, akaba abaciriye inzira. Ico gihe yari yibungeze, yemera kunyegeza imbanyi kugira ntibamwime ayo mahirwe, kuko yaari umukenyezi umwe arungitswe n'igihugu.

Mu mwaka wa 1996 yagenywe kurongora ikigo c’uburondezi n'ubutohoji mu vy’ubuhinga cegukira kaminuza y’Uburundi (Directrice de recherche). Mu 2003 baramutumyeko mu Rwanda kurongora ikigo c’ico gihugu kiraba ivy’ubushakashatsi kugeza mu 2008. Muri 2011 gushika muri 2014, yagenywe kuba umuyobozi w’igisata kijejwe ivy'inyigisho muri kaminuza y’Uburundi "Directrice des services académiques", aca abandanya yigisha aho nyene mu gisata c’ubuhinga (Faculté des sciences).

Mu 2016, niho yaja mu bukukuruke bwa kaminuza y’Uburundi, aca aja kuba icegera c’umuyobozi wa kaminuza yitiriwe umuco "Université Lumière de Bujumbura" ajejwe ivya Master no gutegura ivya Doctorat n’ivy’ubushakashatsi. Ubu naho n' umuyobozi w’iyo kaminuza.

Muri ubwo buzima bw’ubwigisha, yahagarikiye ibikorwa vya kaminuza (Mémoires de licence) bishika 104, ahagarikira ivya "Master" bishika 10 ino mu Burundi no mu Rwanda, na "Thèses" zishika ku 8 igihe yari mu mugwi w’abashakashatsi muri Université Libre de Bruxelles. Ivyo kaminuza y’Uburundi yaranabimuhereye agashimwe, gushika naho umukuru w'igihugu amuha agashimwe ku musi mukuru w’abakozi n’akazi , nk’umupfasoni yemerewe kuyobora ibikorwa vy'abaheza kaminuza mu gice ca gatatu ca kaminuza (Doctorat).

Aho yaciye hose, abagabo yatwara n’abo bakorana ntibigeze bamukengera bitwaze ngo n'umukenyezi. Eka n'iyo baba bariko baragabura ibikorwa, baranganya. Kugira ashike kuri ivyo vyose ibanga akoreshae ni ugukora cane kuko, nta kintu cizana.

Muri TUMENYANE , kuno kwezi twari twaguhariye ABAKENYEZI, ni vyinshi twabavuzeko cane . Mushobora kuraba inkuru kuri marie Louise sibazuri umukinyi w'ivyese hamwe na olive NINDAMUTSA umukamezi wambere yatanguye uwo mwuga ngaha mu Burundi.

Share on your social networks