UGANDA : KU MYAKA 70 YIBARUTSE AMAHASA.

UGANDA : KU MYAKA 70 YIBARUTSE AMAHASA. - image | daflx blog

Published 14-01-2024 09:01:28 in

Safina Namukwaya umugore w’imyaka 70 y’amavuko wo mu gihugu ca Uganda aherutse kwibaruka amahasa [umukobwa n’umuhungu] maze umunezero uramurenga kubera yavyaye abana yavyaye ku myaka nkiyo afise. 


Mu munezero utagabanije, uwo mugore yasangije ikinyamakuru Today.com, yavuzeko atarambirwa no kuraba abana biwe na cane cane ko ababereye umuvyeyi mwiza arinaho abereka urukundo rwinshi. 

 Safina yavyaye abana babiri ku myaka 70, Umukobwa yamwise Shakira Babiyre , naho umuhungu amwita Kato Shafique Kangave. 
Ku mutumba abako uwo mugore akomeje kwamamara aho basigaye bamwita 'Nalongo' bisigura mama w’amahasa  . Umugabo wiwe nawe bakamwita  'Salongo' bisigura Papa w’amahasa. 

 Kw'igenekerezo rya 6.01.2024 , niho uwo mugore yavyariye ayo mahasa. Uwo mugore yavyaye abo bana arakomeye neza, ntakibazo afise.

 Abantu benshi hirya no hino ku mbuga ngurukanabumenyi  bakomeje kugaragaza urukundo n'uwo mugore yasivye imanga.

 Uwo mugore avuga ko abantu benshi bibaza ko umugore nkawe afise imyaka 70 kuvyara biba bidashoboka, ariko ngo Imana niyo yafashe intumbero yo kumuha abana babiri ku myaka yiwe 70. Yemeza ko ntawe ari hejuru y’ivyo Imana ishaka  ico itegetse kiraba.

Share on your social networks