UMUKOBWA WA BIG FIZZO YAVYARIYE MU RWANDA UBU N'INKUMI.

UMUKOBWA WA BIG FIZZO YAVYARIYE MU RWANDA UBU N'INKUMI. - image | daflx blog

Published 14-01-2024 10:01:11 in

Mugani Desire yamenyekanye cane kw'izina rya Big Fizzo, ari mu baririmvyi bamaze igihe kinini mur'uwo mwuga, none umwana yavyariye mu Rwanda ubu n'inkumi igeze kuresha.


 
Mu kiganiro Big Fizzo yagiranye n'imwe mu mboneshakure yo mu Rwanda,  Big Fizzo yagarutse ku mubano udasanzwe uvugwa hagati yiwe n’umukobwa yitwa ''Nikita Mugani'' bivugwa ko yavyariye mur'ico gihugu.


Nikita Mugani, umukobwa wa Big Fizzo yoba ari hejuru gato y'imyaka 18. N'ukuvuga ko yavutse mu myaka ya 2000-2003. Uriko urihweza amafoto yiwe urabona ko ari inkumi igeze kuresha.

Nubwo Big fizzo yemera uwo mwana, kugeza ubu ntarerekana nyina amuvyara. 

Mu mwaka wa 2020, Big fizzo yubakanye na Kimana Edith Stein , mu gihe yari amaze igihe atandukanye n’Umufaransakazi bavyaranye abana batatu. Kugeza ubu Big fizzo aharurwa ko yoba afise abana babana 7 yavyaye ku bagore 5.

Big Fizzo Yinjiye mu muziki mu myaka ya za 1990, atangura gutamba nk'uko avyivugira, indirimbo yiwe ya mbere yasohotse mu mpera ya 1997. 
Indirimbo nka "Mbabarira", "Bajou" na "Ndakumisinze" nizo zamushize ku rwego rw’abaririmvyi bakunzwe cane muri Africa y’Ubuseruko. 

Share on your social networks