UMUZIKI : BRUCE MELODIE ARAMENYASHA KO ABARIRIMVYI BAKURU BAKWIYE ICUBAHIRO.

UMUZIKI : BRUCE MELODIE ARAMENYASHA KO ABARIRIMVYI BAKURU BAKWIYE ICUBAHIRO. - image | daflx blog

Published 12-04-2023 12:04:39 in

Bruce Melodie yavuze ko abaririmvyi bakuru bakwiye icubahiro kuko hari ivyo bakoze kandi bikomeye.

Ibi Bruce Melodie yabigarutseko mu kiganiro yagiranye n’uwitwa Ddumba kuri live ya Instagram, aho Ddumba yavuga ko umuririmvyi wo mu Burundi, Big Fizzo ko afitiye ishari Drama T uri mu bagezweho muri iki gihugu no mu karere.

Aho Ddumba yavuga kuri Big Fizzo, Bruce Melodie yamusanze Live kuri Instagram amusaba kutongera kuza aravuga amazina y’abaririmvyi bakuru mu muziki kuko hari icubahiro bagombwa kuba bafise.

Yavize Ati “Ushobora gukora indirimbo igakundwa Canke bikanka, upfa kuba ufise impano, igihe cose wokora indirimbo ikavamwo ikintu gikomeye.”

Bruce Melodie yamenyesheje ko hari abaririmvyi uyu munsi bakwiye icubahiro kuriwe kuko yigeze kuja yitabira ibitaramo vyabo arinze gusimba impome.

Yagize Ati “Ikintu ugomba kubahira umuntu yabikoze bwa mbere, uraziko Big Fizzo yakoze indirimbo ‘Munyana’ nje ngisimba mu bitaramo, burya Fizzo na ba The Ben nagiye mu bitaramo vyabo nabuze amafaranga yo kwishura.”

Bruce Melodie yasavye ko amazina y’abaririmvyi bafise ibikorwa bakoze adakwiye kuza avugwa mu bintu vy’amafuti.

Yagize Ati “Burya ba Fizzo, The Ben, Tom Close, Tuff Gangs n’abandi bakoze bwa mbere umuntu aba agomba kububaha, mushire icubahiro ku mazina yabo, ntimubavuge mu tuntu duto, ugira ubavuge uze uravuga amazina yabo wayashize ku rwego bariko.”

Share on your social networks