UMUZIKI : DRAMA T NIWE AGIYE KUYOBORA ABANDI BARIRIMVYI BAKUZWE MU BURUNDI.

UMUZIKI : DRAMA T NIWE AGIYE KUYOBORA ABANDI BARIRIMVYI BAKUZWE MU BURUNDI. - image | daflx blog

Published 29-03-2023 03:03:47 in

Iradukunda Henri benshi bazi nka DRAMA t , niwe agiye gufata icumu ry'umuziki w'I Burundi.

DRAMA t umuhungu avuka MUYINGA , akaba yatanguye kwerekana ko afise biciye mu gutangaza (MC) , model. Ivyo vyose yabikora atazi ko afise iyindi mpano yo kuririmba. Inyuma ya mashure y'intango yaje kubandanyiriza i Bujumbura ayisumbuye , niho yaza kumenyana na Landry SB , arabona ko afise impano idasanzwe , Araheza aramufasha. Munyuma baravana kubwo kutubahiriza neza akazi. Drama t yagize ayandi mahirwe bahura n'umuhinyanyuzi amir pro (MA) , niko gukorana ibikorwa vyinshi cane abantu baramumenya gusumba . Huguruwe bantu Bwoy amir yamurungitse ngo afashwe na Big fizzo. Igihe yamaze muri bantu Bwoy yakoze vyinshi harimwo na EP yakoreyeyo . Amasezerano arangiye ntiyadhimye gusubira gukorana na bantu Bwoy , ashima kwikorana na team yiwe. Inyuma y'iminsi mike niho yasohora indirimbo madamu yaku'zwe na benshi.

Mu mateka ya youtube mu BURUNDI umuririmvyi sat'b niwe yaramaze kurabwa na benshi cane .

Mu Kiringo c'amezi indwi gusa , Umuririmvyi Drama T asohoye iyo ndirimbo , agira akure mu myanya wa mbere uwo sat'b.

Satb haraheze imyaka 2 n'amazi hejuru asohoye indirimbo yitwa beautiful yakoranye n'umuririrmvyi wo mu Rwanda yMeddy. Indirimbo yakunzwe cane muri murivyo bihugu vyompi . Aha mu Burundi yarakunze kuvuzwa cane manza z'ubugeni.

Drama_T nawe hakaba hageze amezi 7 asohoye indirimbo yitwa Madamu indirimbo yarabwe cane mu mwanya muto cane. Iyo ndirimbo nayo abakora ama vidéo y'abagize ubugeni barakunda kuyifashisha kenshi.

Izo ndirimbo zose zikaba zakwije 4.200.000 z'abaziravye ku rubuga rwa youtube (4.2M views).

Beautiful : 4255701+ Views ( 2 ans ) Madamu : 4229126+views(7mois) .

Share on your social networks